Polisi yo mu gihugu ca Canada ,iramaze guhagarika
umugabo aba mu gisagara ca Toronto ,imurega ivyaha yakoreye ikiremwa muntu
mu gihe c'itsembabwoko ryo mu miromgo icenda na kane .
Uwo mugabo Desire Munyaneza ,polisi yo
muri Canada yatumenyesheje ko aregwa ivyaha bibiri vy'itsembabwoko n'ibindi
vyaha bitatu bikoregwa ikiremwa muntu mu gihe c'ingwano .
Desire Munyaneza ,abaye umuntu wa mbere
ahagaritswe hisunzwe itegeko ry'igihugu ca Canada rikurikira ivyaha
mpanavyaha ,n'ivyaha vy'intambara .
Ivyo vyaha aregwa vyakozwe mu ntara ya Butare mu Rwanda mu
gihe haba itsembabwoko ryo muri 94.
Igipolisi ca Canada cemeza ko urukiko
rw'i Arusha n'ubushinjacaha bwo mu Rwanda babafashije mu kugira amaperereza
yo kumenya idonido y'ivyo Desire aregwa.